Uko wahagera

Iraki: Guharura Amajwi y'Amatora y'Abashingamateka


Iraki bariko berekana irangi ku ntoki zabo inyuma yuko barangije gutora
Iraki bariko berekana irangi ku ntoki zabo inyuma yuko barangije gutora
Abategetsi bajejwe amatora, mu gihugu ca Iraki, bariko baraharura ku wa kane amajwi, inyuma y’amatora ya mbere muri Iraki, kuva inteko za Amerika zivuye muri ico gihugu, mu mwaka w’2011.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki, Nouri al-Maliki, yatangaje kw’igitigiri kinini c’abitavye amatora, ari inyishu ikomeye kw’iterabwoba, n’abo bose bashaka kuhungabanya amatora.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Nouri al-Maliki, yarerekanye ko yishimiye kw’umugambwe wiwe uzoja imbere mu matora, akaba yasavye iyindi migambwe kwifatanya nawe, mu gushiraho Reta y’urunani.

Ibivuye mu matora vya nyuma ntivyitezwe, mu kiringo kiri imbere y’indwi zbiri.

Abategetsi bajejwe amatora bavuga ko hafi y’ibice mirongo itandatu kw’ijana, vy’abantu imiliyoni mirongo ibiri na zibiri bemerewe gutora, bagize uruhara mu matora yo ku musi wa gatatu.
XS
SM
MD
LG