Uko wahagera

Ukraine Yasubijeho Ingingo y'Ukwinjiza mu Gisirikare


Abasirikare b'igihugu ca Ukraine kuri barriere mu buseruko bwa Ukraine.
Abasirikare b'igihugu ca Ukraine kuri barriere mu buseruko bwa Ukraine.
Igihugu ca Ukraine carasubijeho kwinjiza mu gisirikare, amasaha makeyi inyuma yuko umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya asavye ibiganiro hagati y’abategetsi b’igihugu ca Ukraine, n’abashaka kwiyonkora kuri ico gihugu, bashigikiye Uburusiya.

Prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yataye igikumu kuri iryo tegeko, ku musi wa kan,e mu mugambi w’ugukomeza ubushobozi bw’ukwivuna umwansi bw’igihugu.

Mu kuvuga kw'ibintu biriko bitera bimera nabi kurushiriza, mu gice co mu buseruko no mu bumanuko bwa Ukraine, hamwe n’agasomborotso kw’imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiye igihugu c’Uburusiya, iryo tegeko ryasubijeho kwinjiza mu gisirikare, abagabo b’abanya Ukraine, bari hagati y’imyaka cumi n’umunani, n’imyaka mirongo ibiri n’itanu.

Iyo ngingo ifashwe umusi umwe, inyuma yuko prezida w’infatakibanza wa Ukraine, Oleksandr Turchynov, atangaja ko Reta yiwe idashobora guhagarika umuhari w’abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, bashigikiye Uburusiya, mu ntara zibiri zo mu buseruko bwa Ukraine.

Imbere yaho, ku musi wa kane, umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, yatangaje kw’ibiganiro hagati y’abategetsi b’igihugu ca Ukraine, n’abashaka kwiyonkora kuri ico gihugu, vyotegerezwa kugirwa.
XS
SM
MD
LG