Uko wahagera

Prezida Obama Yaragabishije Korea ya ruguru, kw'Igeragezwa ry'ibirwanihso Ruhonyanganda


Prezida wa Amerika, Barack Obama, na mugenziwe w’igihugu ca Korea y’epfo, Park Geun-hye, bagabishije abategetsi b’igihugu ca Korea ya ruguru, kutagira irindi geragezwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda.

Mu kiganiro bahereye hamwe abamenyeshamakuru I Seoul, ku musi wa gatanu, prezida Obama, yatangaje kw’abategetsi b’igihugu ca Korea ya ruguru ataco bazokwunguka, atari ukwikumira kurushiriza, niyo bagerageza incuro igira kane ikirwanisho ruhonyanganda.

Yongeye avuga ko Amerika itazokwigera idohoka, ku kwiyemeza kwa Amerika, ku vyerekeye Korea y’epfo, kandi ko Amerika na Korea y’epfo bizosenyera ku mugozi umwe, mu kwishura ku gasomborotso k’igihugu ca Korea ya ruguru.

Prezida w’igihugu ca Koreay’epfo, yatangaje kw’urugendo rwa prezida Obama, rurungika ubutumwa bukomeye, ko batazokwihanganira agasomborotso ka Korea ya ruguru.

Prezida Obama, yarashikirije kandi ubutumwa bw’umubabaro, imiryango y’abana amajana n’amajana, batakaje ubuzima bwabo, mw’isanganya ry’ubwato butwara abantu, mu ndwi iheze muri Korea y’epfo.
XS
SM
MD
LG