Uko wahagera

Umunyamerika, Meb Keflezighi, Yaratsinze Marathon rya Boston


Rita Jeptoo wo muri Kenya arangije ihiganwa rya marathon rya Boston
Rita Jeptoo wo muri Kenya arangije ihiganwa rya marathon rya Boston
Meb Keflezighi. abaye umunyamerika wa mbere w’umugabo atsinze ihiganwa rya marathon ryo mu gisagara ca Boston. kuva mu mwaka w’1983.

Keflezighi. afise imyaka mirongo itatu n’itandatu muri iki gihe, yarangije ihiganwa rya marathon rya Boston. mu masaha abiri, iminuta umunani n’amasegunda mirongo itatu n’indwi, imiseguda cumi n’umwe imbere y’uwarangije mu kibanza ca kabiri, Wilson Chebet, wo mu gihugu ca Kenya.

Umunyamerika wa nyuma yaheruka gutsinda ihiganwa rya marathon, ryo mu gisagara ca Boston, ni Greg Mayer, yarangije iryo higanwa mu masaha abiri, n’iminuta icenda mu mwaka w’1983.

Ku rwego rw’abapfasoni, Rita Jeptoo, wo mu gihugu ca Kenya, niwe yatsinze higanwa rya marathon ryo mu gisagara ca Boston. Bukaba ari ubugira gatatu atsinda iryo higanwa. Yarirangije mu masaha abiri, iminuta 18 n’amasegunda 57.

Tubibutse kw’ariwe yari yatsinze iryo higanwa no mu mwaka uheze. Avuga kw’ico gihe bitari vyoroshe kunezerwa, inyuma y’intsinzi yiwe, kubera ibitero vy’amabombe vyabaye igihe iryo higanwa ryariko riraba.
XS
SM
MD
LG