Uko wahagera

Ban Ki-moon Yariyamirije Igitero mu Kibanza ca ONU muri Sudani yo mu Bumanuko


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yariyamirije igitero cihaye inkumbi, mu kibanza c’ishirahamwe O-N-U, kirimwo abasivile n’inteko zijejwe gucungera umutekano, mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Umuvugizi w’ishirahamwe O-N-U, Stephane Dujarric, yavuze kw’ico gitero kuri ico kibanza c’ishirahamwe O-N-U, aho abasivile bari bakingiwe n’ishirahamwe O-N-U, ar’agasomborosto gakomeye. Yongeye avuga kw’igitero ku nteko zijejwe gucungera umutakano atawobisabirako, kw’ari icaha co mu ngwano.

Abategetsi bamenyesha kw’imikangara yitwaje ibirwanisho, yinjiye muri ico kibanza c’ishirahamwe O-N-U, ku musi wa kane, ku murwa mukuru w’intara ya Jonglei, Bor, itangura kurasa ku basivile bakuwe mu vyabo.

Dujarric, yatangaje kw’igitigiri kitari gito c’abantu bishwe, muri ico gitero, kitari bwemezwe. Yamenyesheje kw’abantu batari bake bakomeretse, harimwo abasirikare babiri bajejwe gucungera umutekano b’ishirahamwe O-N-U, bariko bagerageza gutuza iyo mikangara, yari yitwaje ibirwanisho.

Abategetsi bamenyesha kw’abasivile bavuye mu vyabo ibihumbi bitanu, bari muri ico kibanza c’ishirahamwe O-N-U, igihe ico gitero caba, harimwo abapfasoni, n’abana, batari bake.
XS
SM
MD
LG