Uko wahagera

Ibihugu 55 Vyarumvikanye, Uko Byakingira Ibirwanisho Ruhonyanganda.


Abategetsi bari mu nama ijejwe gukingira ibirwanisho ruhonyanganda mu Buholandi.
Abategetsi bari mu nama ijejwe gukingira ibirwanisho ruhonyanganda mu Buholandi.
Abategetsi b'ibihugu mirongo itatu na bitanu vyaremeye gushira mu mategeko y'ibihugu vyabo, ingingo mpuzamakungu zerekeye gutuma ibirwanisho ruhonyanganda, n’ubuhinga bwa nucleaire, bitaja mu minwe y’inkozi z’ikibi, mu gutera igikumu kuri nuwo muagmbi, mu nama yerekeye gutuma ibirwanisho ruhonyanganda, n’ubuhinga bwa nucleaire, bitaja mu minwe y’inkozi z’ikibi i La Haye, mu gihugu c’Ubuhollande.

Uwo mugambi washikirijwe n’Ubuhollande, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Korea y’epfo, usaba kandi ibihugu biwugize kwerekana uburyo bikingira ubuhinga bwa nucleaire.

Umuntu aretse ivyo bihugu bitatu vyavugiye uwo mugambi, Ubwongereza, Ubufransa, Ubudagi, Israel, Ubuyapani, Korea y’epfo na Turkiya, biri mu bihugu mirongo itatu na bitanu vyateye igikumu kuri uwo mugambi.

Abaserukira ivyo bihugu mirongo itatu na bitanu, bari mu nama y’imisi ibiri i La Haye.
XS
SM
MD
LG