Uko wahagera

Ikibanza c'ama missile muri Ukraine, mu Ntara ya Crimee Caratewe


Ikarata ya Ukraine
Ikarata ya Ukraine
Abantu bitwaje ibirwanisho barasambuye n’ikamyo y’igisirikare y’igihugu c’Uburusiya, urwinjiriro rw’ikibanza kirimwo ama missile c’igihugu ca Ukraine, mu kigobe c’intara ya Crimee.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho baravuganye n’abategetsi bakuru b’abasirikare b’ico kibanza mu gihe abasirikare bagumye mu makambi yabo ku musi wa gatanu. Nta makuru avuga ko hari amasasi yavuze.

Mu masaha ya kare ku musi wa gatanu, prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yarateye igikumu kw’itegeko rifuta referendum itegekanijwe kuba mu ntara ya Crimee, igenewe gutuma iyo ntara yiyonkora kuri Ukraine igafatana n’Uburusiya.

Umusi w’imbere yaho, inama nshingamateka ishigikiwe n’Uburusiya yahisemwo kw’iyo ntara iba igice c’Uburusiya, ikaba yategekanije referendum, kuri ico kibazo, kw’italiki cumi na zitandatu z’uku kwezi kwa gatatu.

Umushikiranganji wa mbere w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Arseniy Yatsenyuk, yatangaje kw’ata numwe mu makungu azokwemeza ibizoba bivuye muri iyo referendum.

Arseniy Yatsenyuk, yatangaje kw’ashaka kugabisha abashaka kwiyonkora kuri Ukraine, n’abandi yavuze kw’ari abahemu, kw’ingingo zabo ziciye kubiri n’amategeko, kandi ko ziciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro.

Abategetsi ba Amerika, n’ibihugu vy’I Bulaya, bamyenyesheje nabo nyene kw’iyo Referendum iciye kubiri n’amategeko.
XS
SM
MD
LG