Uko wahagera

Agahengwe Mu Mugambwe Uprona Kari Kure Nk’Ukwezi


Abadasigana bahurikiye mu mugambwe Urpona, ntibabona kimwe uruhagarara rwa politike rwavuye ku kuntumvikana hagati y’umugambwe Uprona hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi.

Inyuma y’aho vice president wa mbere w’Uburundi mushasha afatiye amabanga yiwe n’inyuma y’aho abashikiranganji batatu bashasha bo mu rindi shami ry’umugambwe Uprona, batanguriye kurangura amabanga yabo, abahurikiye mu mugambwe Uprona ntibavuga rumwe, kandi biribonekeza ko bashobora kuba bari mu mashami abiri adacana uwaka, kuko babandanya kwitana ba mwana.

Ivyo biribonekeza mu kiganiro Dusangire Ijambo catunganijwe na Frederic Nkundikije: Ikiganiro catumiwemwo, Francis Ngaruko, Jean Baptiste Manwangari; Chauvino Mugwengezo hamwe na Jacques Bigirimana.

Mushobora kwumviriza.
please wait

No media source currently available

0:00 0:36:11 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG