Uko wahagera

Sentare Yo Mu Misiri Yahagaritse Ibikorwa Vy’Umuhari Hamas.


President wa reta y'imfatakibanza mu gihugu ca Misiri, Adly Mansour , ari kumwe na reta nshasha, igihe c'ibirori vyo kurahira vyabereye ku ngoro iwe kw'igenekerezo rya mbere ry'ukwezi kwa gatatu umwaka w'2014
President wa reta y'imfatakibanza mu gihugu ca Misiri, Adly Mansour , ari kumwe na reta nshasha, igihe c'ibirori vyo kurahira vyabereye ku ngoro iwe kw'igenekerezo rya mbere ry'ukwezi kwa gatatu umwaka w'2014

Iyo ngingo yafashwe ku musi ku wa kabiri, irugara kandi ibiro vyose vy’uyo muhari mu gihugu ca Misiri.

Umuhari Hamas uracuditse n’umuhari Muslim Brotherhood wo mu gihugu ca Misiri: Umuhari, reta y’imfatakibanza yo mu gihugu ca Misiri, ivuga kw’ar’umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba, kandi kuva president Mohamed Morsi akuwe ku butegetsi mu kwezi kw’indwi mu mwaka uheze, reta ya Misiri yagumye ituza uyo murwi Muslim Brotherhood.

Umushingantahe Morsi ari mu muhari Muslim Brotherhood; Mur’iki gihe yagirizwa ivyaha vyinshi birimwo gukorana n’umuhari Hamas. Wewe arahakana ivyo birego. Avuga kw’ariwe president w’igihugu ca Misiri yemewe n’amategeko.

Umuvugizi w’umuhari Hamas, uyu musi ku wa kabiri yiyamirijee iyo ngingo ya sentare yo mu gihugu ca Misiri, akaba yavuze kw’iyo ingingo iteye kubiri n’ivyipfuzo, hamwe n’umugambi w’’abanyaPalestine..

Umuhari Hamas niwo utwara umuhora wa Gaza kandi uyo muhari ushaka gushinga reta ya Kiislamu mu muhora wa Gaza, mu ntara ya Sisjordanie hamwe no muri Israeli. Ibihugu vyo mu burengero bivuga kw’umuhari Hamas ar’umurwi ukora ibitero vy’iterabwoba.
XS
SM
MD
LG