Uko wahagera

John Kerry Aratera Akamo Gashira Ibiganiro Imbere Muri Ukraine


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Ukraine, Arseny Yatseniukhamwe na secreteri wa Departement ya reta ya Amerika, John Kerry hamwe na president w'igihugu ca Ukraine w'imfatakibanza Oleksander Turchinov ku murwa mukuru Kiev,kw'igenekerezo rya 4 ry'ukwezi kwa gatatu
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Ukraine, Arseny Yatseniukhamwe na secreteri wa Departement ya reta ya Amerika, John Kerry hamwe na president w'igihugu ca Ukraine w'imfatakibanza Oleksander Turchinov ku murwa mukuru Kiev,kw'igenekerezo rya 4 ry'ukwezi kwa gatatu

Secreteri wa department ya reta ya Amerika John Kerry yashitse ku murwa mukuru Kieve ku musi ku wa kabiri, yanebaguye kandi Uburusiya bwisutse mu ndyane ziri mu banyagihugu.

Uyu musi ku wa kabiri kandi, umushingantahe Kerry yatangaje imfashanyo ya billioni imwe y’amadolari, ico gihugu kiri mu ruhagarara rwa politike kigiye guhabwa na Amerika.

Mur’iki gihe umushingantahe Kerry yarekanye ko reta zunze ubumwe za amerika zishigikiye reta y’imfatakibanza ya Ukraine, president w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yatangaje ko yiteguriye gukora ibishobotse vyose kugira ngo akinigire abaRusiya bo mu gihugu ca Ukraine. Yongeye avuga ko yizeye kw’igihugu c’Uburusiya kitazotegerezwa gukoresha inguvu.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu rya mbere kuva aho president w’igihugu ca Ukraine Victor Yanukovych akuriwe ku butegetsi, akava ku murwa mukuru Kiev, president w’igihugu c’Uburusiya yavuze kw’ihinduka ry’ubutegetsi mu gihugu ca Ukraine, ari coupd d’Etat itemewe n’amategeko.

Yongeye avuga kw’umushingantahe Yanukovych arwe akiri president w’igihugu ca Ukraine yemewe n’amategeko.

Ayo majambo atangajwe mu gihe uruharagarara ruvuye ku basirikare b’igihugu c’Uburusiya bari mu gisagara co mu gihugu ca Ukraine citwa Crimea, ruriko ruriyongera.

Reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’ibihugu vy’ibulaya bicuditse na Amerika biriko birihweza ibihano vyofatirwa igihugu c’Uburusiya.

Mur’urwo rugendo agize mu gihugu ca Ukraine, secreteri wa department ya reta ya Amerika John Kerry arabonana n’abategetsi bagize reta ya Ukraine.
XS
SM
MD
LG