Uko wahagera

Abandi Bantu 33 Canke Barenga Barishwe muri Nigeria


Ibisigarira vy'ishule yisumbuye ya Reta ya Nigeria, Buni Yadi
Ibisigarira vy'ishule yisumbuye ya Reta ya Nigeria, Buni Yadi
Ivyabona n’abategetsi bo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria bikeka kw'abarwanyi b’umurwi Boko Haram, aribo bishe abantu mirongo itatu na batatu, canke barenga bongera basambura n’amabombe ishule yigisha ivy’Imana, mu ntara ya Adamawa.

Igisirikare, kenshi kigabanya ibitigiri vy’abapfuye bishikirijwe n’ivyabona, catangaje kw’abantu batandatu, mu bagize ivyo bitero bapfuye, hamwe n’umusirikare, n’abasivile batatu mu bitero bitatu.

Ivyo bitero vyabaye kw'italiki 27 z'ukwezi kwa kane hafi y’urubibe n’igihugu ca Cameroun, vyabaye umusi umwe inyuma yuko ivyabona batangaje kw’abanyeshule bagera kuri mirongo itandatu bishwe, kw’ishule yisumbuye ya Reta hafi y’intara ya Yobe.

Amakuru yatangajwe, muri ako karere, yamenyesheje kw’abo banyeshule bo kuri iryo shule batewe baryamye, bicwa igihe bariko bageregeza guhunga uburaro bwabo bwariko burasha.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, The Associated Press, ryasubiyemwo ivyo rivuga kw’ari bulamatari w’intara ya Yobe yari ashavuye, Muartala Hammanyero Nyako, avuga ko yikeka ugukorana hagati y’inteko za Reta, n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, muri ico gitero.

Prezida wa Nigeria, Goodluck Jonathan, yatangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe, mu ntara za Adamawa, Yobe na Borno, mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2013.
Yamara ukumunebagura gutera kwiyongera, mu gihe ibitero vyabandanije kuva ico gihe.
XS
SM
MD
LG