Uko wahagera

Arseniy Yastenyuk, Yagenywe Kuba Umushikiranganji wa Mbere Mushasha, muri Ukraine


Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Ukraine, Arseniy Yatsenyuk
Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Ukraine, Arseniy Yatsenyuk
Abategetsi nfatakibanza b’igihugu ca Ukraine baragenye Arseniy Yatsenyuk, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, ashigikiwe n’abantu benshi, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere muhasha.

Batangaje igenwa rya Yatsenyuk, imbere y’abantu isinzi, ejo ku musi wa gatatu, mu kibanza citiriwe kwikukira, Independence Square, ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev.

Yatsenyuk yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire, n’umushikiranganji ajewe ubutunzi. Kimwe mu bintu bikomeye azokora ubwa mbere, n’ugutuma ubutunzi bw’igihugu ca Ukraine budasenyuka.

Abategetsi ba Reta ya Amerika batangaje ko bashigikiye bikomeye abategetsi b’igihugu ca Ukraine, mu gihe bariko bakora kugira bashireho Reta ihurikiyemwo imigambwe myinshi, igenewe guserukira Abanya Ukraine bose.

Abategetsi ba Reta ya Amerika basavye ko hoshirwaho Reta ihurikiyemwo imirwi yose yiyemeje, ku vyerekeye gusubiza hamwe mu gihugu, ikintu gikenewe kugira infashanyo y’amakungu iboneke.

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko ziyumvira guha igihugu ca Ukraine, ingurane y’umuliyaridi w’amadolari.

John Kerry, yaragabishije igihugu c’Uburusiya, ejo ku musi wa gatatu, ko kurungika abasirikare muri Ukraine, ryoba ari ikosa rikomeye cane.

Prezida W’Uburusiya, Vladimir Putin, yategetse imyimenyerezo ya gisirikare yihuta, mu bice birimwo intara yegereye urubibe n’igihugu ca Ukraine.
XS
SM
MD
LG