Ico gitero cakozwe n’abantu bikekwa ko bari mu murwi w’intagondwa z’abaislamiste, kw’ishule.
Ico gitero cabaye isaha umunani mw’ijoro, uyu musi ku wa kabiri kw’ishuke rya reta ryitwa Buni Yadi, riri mu ntara ya Yobe.
Amakuru ya mbere ariko aratangazwa, avuga kw’abo bagwanyi baturiye uburaro bw’abanyeshule, hamwe n’abanyeshule batari bake.
Abategetsi bavuga kw’ubwo bwicanyi bwakozwe n’umurwi Boko Haram
Intara ya Yobe iri mu ntara zitatu president Jonathan Goodluck yatangaje mu kwezi kwa gatanu kw’ari intara ziri mu bihe bigoye igihugu, igihe yaca atanguza ibitero vyo gutuza umurwi w’intagondwa z’abaislamiste witwa Boko Haram.
Yamara n’aho utwo twigoro two gutuza umuhari twabandanije, ibitero bikomeye vy’umurwi Boko Haram, ntivyigeze bihagarara.