Uko wahagera

Prezida w'Infatakibanza wa Ukraine Yariyemeje, Ku Vyerekeye Kuja mw'Ishirahamwe ry'ibihugu vy'i Bulaya.


Prezida w'infatakibanza wa Ukraine, Oleksander Turchynov
Prezida w'infatakibanza wa Ukraine, Oleksander Turchynov
Prezida w’infatakibanza w’igihugu ca Ukraine, Oleksandr Turchynov, yaremeye gutegekanya ivyerekeye kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya.Oleksandr Turchynov, yarashikirije ijambo, ejo ku musi w’Imana, amasaha makeyi inyuma yuko atowe n’inama nshingamateka kuba prezida.

Turchynov, yatangaje kandi ko Reta nshasha ishaka kugiranira imigenderanire mishasha ya kibanyi n’Uburusiya. Yemeye gushiraho Reta nshasha, ejo ku musi wa kabiri, abashingamateka bakaba basavye ko haba amatora mashasha, kw’italiki mirongo ibiri na zitanu z’ukwezi kwa gatatu.

Uburusiya, igihugu cashigikiye cane prezida yakuwe ku butegetsi, Viktor Yanukovych, bwatangaje, ejo ku musi w’Imana, ko bwahamagaye ambassadeur wabwo mu gihugu ca Ukraine, kugira bavugane ku kugene ibintu vyifashe muri Ukraine.

Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya, ryamenyesheje ko kwihweza neza ibiriko bibera mu gihugu ca Ukraine, ari ibintu bikenewe
.
Ivyerekeye aho, Viktor Yanukovych, yoba ari, muri iki gihe, ntibitomoye, umusi umwe inyuma yuko ahunze umurwa mukuru Kiev, akaja mu gice co mu buseruko bw’igihugu kimushigikiye.
XS
SM
MD
LG