Uko wahagera

Amasezerano Y’amahoro Mu Gihugu Ca Ukraine


 Abashingamateka bo mu gihugu ca Ukraine bariko barigina ingingo yo gutora amategeko mashasha mu nama nshingamateka kw'igenekereoz rya 21 ry'uku kwezi ka kabiri.
Abashingamateka bo mu gihugu ca Ukraine bariko barigina ingingo yo gutora amategeko mashasha mu nama nshingamateka kw'igenekereoz rya 21 ry'uku kwezi ka kabiri.

Reta zunze ubumwe za amerika zivuga kw’amasezerano y’amahoro yabaye hagati ya president w’igihugu ca Ukraine hamwe n’abatavuga rumwe nawe.

Ayo masezerano afise umugambi wo kurangiza uruhgarara rwa politike ajegajega cane, kandi akeneye kw’amakungu yose ayashigikira.

Umutegetsi wo muri department ya reta ya amerika, ejo ku musi wa gatanu yavuze kw’ayo masezerano azogorana kugira ngo yumvishwe abatavuga rumwe na reta, bagize imisi bihereza amabarabara kubera ubwicanyi bwabaye.

President Barack Obama yaratelephonye president w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin ejo ku musi wa gatanu kugira bavugane ivyerekeye igihugu ca Ukraine. Amakuru atangazwa avuga kw’abo bategetsi bumvikanye ko bikenewe kw’ayo masezerano ashirwa mu ngiro mu maguru masha, kandi ko bose bateye akamo impande zose kazisaba kwirinda ubwicanyi.

Uyo mutegetsi wo muri department ya reta ya amerika avuga kw’umushingantahe Putin yavuze kw’igihugu c’Uburusiya gishaka kuba kiri mu murwi ujejwe ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano. Yavuze kandi kw’umushingantahe Putin yavuze ko bikenewe kw’ubutunzi bw’igihugu ca Ukraine bushigikirwa.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu yatangaje kw’umunyamanga mukuru w’iryo shirahamwe, Ban Ki –moon yatelephonye president w’igihugu ca Ukraine Victor Yanukovych, kugira amubwire ko yashimye ayo masezerano.

Uyo mutegetsi yavuze kw’umushingantahe Ban Ki-moon, yashimye umutima wo kwumvikana. President Yanukovych hamwe n’abategetsi barongoye abatavuga rumwe na reta, ejo ku musi wa gatanu, barateye igikumu ku masezerano asubiza igihugu kw’ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’2004, rigabanya ububasha bw’umukuru w’igihugu. Ayo masezerano asaba kandi ko hashingwa reta y’ubumwe kandi ko hatunganywa amatora imbere y’igihe.
XS
SM
MD
LG