Uko wahagera

President Mugabe, Yarashikanye Imyaka 90


President Robert Mugabe ari mu gisagara ca Zvimba, mu gihugu ca Zimbabwe, mu kwzi kwa mbere, itarki 21, mu mwaka w' 2014.
President Robert Mugabe ari mu gisagara ca Zvimba, mu gihugu ca Zimbabwe, mu kwzi kwa mbere, itarki 21, mu mwaka w' 2014.

Umukuru wo mu gihugu ca Afrika afise imyaka myinshi kurusha abandi bakuru b’ibihugu bo muri Afrika, Robert Mugabe, yashikanye imyaka 90 ejo ku musi wa gatanu.

Mur’iki gihe kandi hari amakenga kw’amagara amukitse, kandi ko hazokoreshwa amafaranga menshi mu guhimbaza uyo musi mukuru.

President w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe yavuye mu gihugu ku musi wa mbere, ngo agiye kwibagisha mu jisho ingwara ya Cataracte mu gihugu ca Singapur; igihugu yama yagiye kwivurizamwo.

Umuvugizi yatangaje kw’azogaruka mu gihugu ku musi wa mungu guhimbaza iyo myaka 90 y’amavuko, yamara hari amakuru avuga kw’amagara yoba amukitse.
Amakuru yatanzwe n’ibiro vya ambassade ya amerika mu mwaka w’2008, yatangajwe n’ibiro Wikileak vyamenye ibanga y’amakuru ya amerika, yavuga kw’umushingantahe Mugabe yar’agwaye cancer ya Prostate.

Mur’iki gihe kandi ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubwongereza citwa The Guardian, catangaje kw’igihugu ca Zimbabwe kizokoresha amadolari angana n’umuliyoni, mu birori vyo guhimbaza imyaka 90 y’amavuko ya president Mugabe.

Ico kinyamakuru kivuga kw’abantu banebagura president Mugabe bavuga kw’ayo mafaranga ar’umurengera, cane cane mur’iki gihe ubutunzi bw’ico gihugu bwasubiye kuzama.
XS
SM
MD
LG