Uko wahagera

Ikirunga co ku Musozi, Kelud, muri Indonesia, Caraciriye Imiriro, Gihitana Abantu Babiri


Amazu yuzuye eumunyota w'ikirunga co ku musozi, Kelud muri Indonesia.
Amazu yuzuye eumunyota w'ikirunga co ku musozi, Kelud muri Indonesia.
Ikirunga caciriye imiriro ikomeye, mu gihugu ca Indonesia, cahitanye abantu babiri, bituma abantu ibihumbi ijana, canke barenga, bakurwa mu bice vyegereye ico kirunga.

Ikirunga ku musozi, Kelud, uri kw’izinga rya Java, caciriye imiriro, ku muhingamo wo ku musi wa kane, aho carungitse igipfungu z’iminyota, ku bilometero mirongo itatu mu kirere.

Ico gipfungu casutse iminyota n’amabuye, ku mihana ari mu gice kigera ku bilomnetero amajana atanu kure yaho, mu vyatumye abanyagihugu baba muri iyo mihana batekewe n’ubwoba, bahunga.

Abategetsi batangaza kw’abantu babiri bishwe, igihe amazu yabo yasenyuka, bivuye mu buremere bw’ivyasutswe n’ico kirunga.

Ibibuga mpuzamakungu bitari bike, muri izo ntara vyarugawe, kubera imyotsi n’iminyota ico kirunga caciriye, yatumye ikirere kitaboneka neza.

Igihugu ca Indonesia gifise hafi y’ibirunga ijana na mirongo itatu bigicira imiriro.

Mu kwezi guheze, ugucira imiriro kw’ikirunga kiri mu mutumba, Mount Sinabung, kw’izinga rya Sumatra, vyahitanye abantu cumi na batandatu, abandi ibihumbi n’ibihumbi barahunga, mu gihe ibiterwa vyononekaye.
XS
SM
MD
LG