Icegera c’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Jonathan Lalley avuga kw’umushingantahe Obama azotumira abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo vyo muri Afrika, havuyemwo abakuru b’ibihugu bidacuditse na reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’ abatwara ibihugu vyakumiwe n’ishirahamwe rya Afrika.
Lalley avuga ko n’umukuru w’iishirahamwe rya afrika, Nkosazana Dlamini-Zuma nawe nyene azotumirwa mur’iyo nama nkuru, itegekanijwe kw’igenekerezo rya 5 ry’ukwezi kw’umunani.
Presidence ya Amerika yatangaje iyo nama ku musi wa kabiri, ikaba yavuze kw’iyo nama izoba ifise umugambi wo gutsimbataza ubudandaji hamwe n’ikoreshwa ry’imitahe hagati ya amerika na Afrika.
Abategetsi bavuga kw’umushingantahe Obama yizeye kandi kw’azobandaniriza ku ntambwe yashitseko igihe yagira urugendo muri Afrika mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2013.
Presidence ya amerika ivuga ko bimwe mu bihugu bizotumirwa, harimwo igihugu ca Republika ya Congo Iharanira demokrasi, Ethiopia, Kenya, Mali, Nigeria hamwe na Sudani yo mu bumanuko.