Uko wahagera

Republika Ya Central Afrika, Ishobora Kuronka President Uyu Musi


Umukuru w'inama nshingamateka y'imfatakibanza, ,u gihugu ca Republika ya Centre Afrika, Alexandre-Ferdinand Nguendet.
Umukuru w'inama nshingamateka y'imfatakibanza, ,u gihugu ca Republika ya Centre Afrika, Alexandre-Ferdinand Nguendet.

Abashingamateka bo mu gihugu ca Republika ya Central baragabanije urutonde rw’abategetsi bashobora gutorwamwo umukuru w’igihugu w’imfatakiabanza.

Mur’iki gihe bashitse ku rutonde rw’abantu umunani gusa, barimwo abategetsi babiri bigeze kurongora amabanga y’umukuru w’igihugu.

Itorwa ry’umukuru w’igihugu, rifise umugambi wo kurangiza amezi atari make y’akajagari hamwe n’ubwicanyi, mur’ico gihugu.

Inama nshingamateka y’imfatakibanza, uyu musi ku wa mbere, ihava itora umupresident, inyuma y’aho umutegetsi yahora arongoye ico gihugu, Michel Djotodia, atangiye imihoho; aremerewe n’amakungu kuko atashoboye guhagarika ubwicanyi.
Mur’abo bategetsi umunani bari kur’urwo rutonde, rwari ku bategetsi 24 mu ntango, harimwo, Sylvain Patasse, umuhungu w’umupresident wenyene yari yatowe mu mabanga yo kurongora igihugu, agatwara kuva mu mwaka w’1993 gushika mu mwaka w’2003.

Mu bandi bategetsi bashizwe kur’urwo rutonde, harimwo Zanga-Kolingba, umuhungu w’umupresident yafashe ubutegetsi muri coup D’Etat, yatwaye ico gihugu kuva mu mwaka w’1981 gushika mu mwaka w’1993; umukuru w’igisagara ca Bangui, Catherine Samba-Panza hamwe n’uwundi mufasoni Regina Konzi-Mongo.

Abantu batarekuriwe kwitoza , n’abanyaPolitike bose bakoranye na Djotodia; abakuru b’imigambwe; abasirikare bari mu mabanga, hamwe n’umuntu wese yigeze kuba ari mu mirwi yitwaje ibigwanisho canke mu mirwi irwanya ubutegetsi, mur’iyi myaka mirongibiri irangiye.
XS
SM
MD
LG