Uko wahagera

Umwana w’Umuhungu w’Umunya Pakistani, Yarapfuye Ariko Hagarika Umwihevyi Afise Bombe


Ikarata y'igihugu ca Pakistani
Ikarata y'igihugu ca Pakistani
Aitzaz Hassan, umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’itanu, mu gihugu ca Pakistani, ariko ahayagizwa nk’intwari, kubera yatanze ubuzima bwiwe, muri iyi ndwi, mu gihe yariko agerageza guhagarika umwihevyi yari afise bombe, yarodera kugira igitero kw’ishule uwo mwana yigako.

Aitzaz Hassan yishwe, ku musi wa mbere, mu gice kiri kure, mu gihugu ca Pakistani, ca Hangu, mu ntara ya Khyber Pakhtunkhwa.

Abapolisi bo muri ico gice, batangaje kw’uwo mwaka w’umuhungu, yabonye uwo mwihevyi yari afise bombe, ariko ava muri bus, atera agana urwinjiriro ry’ishule yigako

Uwo mwihevyi yari yambaye uniforne y’iryo shule, yamara yasa n’umuntu ateye amakenga, nico gihe Atzaz, yaciye agerageza kumuhagarika, mu vyatumye uwo mwihevyi aturitsa bombe.

Mukuru wa, Aitzaz, Mujtaba, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’igikorwa ciwe catumye nyina wiwe arira, ngo yamara yatumye abandi bavyeyi amajana atanu batarira, akaba yashaka kuvuga igitigiri c’abandi benyeshule, bari nmuri iryo shule, igihe iyo bombe yaturika.

Mujtaba, yatangaje kw’ah’ukugandarira Aitzaz, umuryango wiwe uriko uhimbaza ubutwari, n’ukwitanga kwiwe.
XS
SM
MD
LG