Uko wahagera

Reta ya Iraki Yarasohoye Video y’Igitero c’Indege z’Ingwano, mu Bisagara vya Fallujah na Ramadi


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Iraki, Nouri al- Maliki
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Iraki, Nouri al- Maliki
Reta y’igihugu ca Iraki yarasohoye video y’igitero c’indege z’ingwano, ivuga ko cahitanye abarwanyi barenga mirongo ibiri, hafi y’ibisagara vya Ramadi na Fallujah, mu ntara ya Anbar igizwe ahini n’aba Sunni.

Mohammed al-Askari, umutegetsi w’umusirikare w’igihugu ca Iraki, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, kw’ico gitero cabaye ejo ku musi wa kabiri, carondera ikibanza umurwi al-Qaida ugiriramwo ibikorwa vyawo, ku murwa mukuru w’intara ya Anbar, Ramadi.

Ico gitero cabaye mu gihe abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida bongereje inguvu zabo, mu bice vy’ibisagara vya Ramadi na Fallujah bafashe mu ndwi iheze.

Reta y’igihugu ca Iraki yaragabishije kw’ishobora kugira igitero, ku barwanyi mu gisagara ca Fallujah, mu vyatumye imiryango itari mike, muri ico gisagara ihunga.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Iraki, Nouri al-Maliki, yasavye ababa mu gisagara ca Fallujah gutuza, muri ico gisagara, abarwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida, kugira birinde igitero ca gisirikare ca Reta.

Nouri al-Maliki, umu Shi’ite Reta, yiwe idashigikiwe cane, mu gisagara ca Fallujah c’aba Sunni, yatangaje ko yategetse inteko zijejwe umutekano, kutagira ibitero mu bibanza bibamwo abasivile.

Ku musi w’Imana, abantu mirongo itatu na bane, canke barenga barapfuye, mu gisagara ca Ramadi ,mu gutana mu mitwe hagati y’inteko zijejwe umutekano z’igihugu ca Iraki, n’abarwanyi b’aba Islamu, bakorana n’umurwi al-Qaida.

Mu nyuma yaho, inteko za Reta zaragize ibitero vy’indege z’ingwano, mu gisagara ca Ramadi.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zariyemeje, ku vyerekeye gushigikira igihugu ca Iraki, mu rugamba rwaco rw’ukurwanya abarwanyi, zikaba zamenyesheje ko zizonyarutsa igurisha ry’ibikoresho vya gisirikare, n’ukubishikiriza igihugu ca Iraki.
XS
SM
MD
LG