Uko wahagera

Senat ya Amerika Yaremeje Janet Yellen, mu Mabanga y’Umuyobozi Mukuru Mushasha w’Ibanki Nkuru ya Amerika


Janet Yellen, umuyobozi mukuru mushasha w'ibanki nkuru ya Amerika
Janet Yellen, umuyobozi mukuru mushasha w'ibanki nkuru ya Amerika
Senat ya Amerika yaremeje Janet Yellen, mu mabanga y’umuyobozi mukuru mushasha w’ibanki nkuru ya Amerika, mu vyatumye aba umwe mu bategetsi bakomeye cane, mu bijanye n’ubutunzi kw’isi.

Mu matora yabaye, ejo ku musi wa mbere, yaronse amajwi mirongo itanu n’atandatu, abatamutoye akaba ari mirongo ibiri na batandatu. Yari akeneye gusa amajwi mirongo itanu na rimwe, kugira yemezwe mu mabanga yiwe mashasha.

Prezida wa Amerika, Barack Obama, yatangaje kw’Abanyamerika bazoba baronse muri Yellen, umutegetsi akomeye yumva kw’ico imigambi ijanye n’amafranga itegerezwa gushikako, ar’ugutuma ubuzima bw’Abanyamerika bwisununura kurushiriza, abakozi bakaronka akazi, n’imiryango yabo.

Yellen, azoba abaye umupfasoni wa mbere, azoba ayoboye ibanki nkuru ya Amerika, mu kiringo c’imyaka ijana imaze, akaba asubiriye Ben Bernanke, ikiringo ciwe c’imyaka umunani, kizorangira mu mpera z’uku kwezi kwa mbere.
.
XS
SM
MD
LG