Abanyafrika ibihumbi cumi barakoraniye, mu kibanza kiri hagati ku murwa mukuru w’igihugu ca Israel, Tela Aviv, ejo ku musi w’Imana, mu myiyerekano y'ukwiyamiriza ivyo bavuga kw’ari ugufatwa nabi na Reta y’igihugu ca Israel.
Benshi mu bari mu myiyerekano, bari bafise pancarte, zisaba uburengenzira bw’ikiremwa muntu, bakanebagura amategeko abapfunga akababuza gukora.
Benshi mu Banyafrika bava, mu bihugu vya Eritrea na Sudani, aho bahunga ubukene, ubwicanyi, n’akajagari ka politike.
Yamara abategetsi b’igihugu ca Israel babona abo bantu, kw’ari abantu binjiye muri Israel, mu buryo butarekuriwe n’amategeko.
Abategetsi b’igihugu ca Israel barubatse uruhome, ku nkengera z’urubize n’igihugu ca Misiri, kugira batume abo Banyafrika batinjira muri Israel.