Uko wahagera

Amerika Irafise Akizero K’Amahoro Hagati Ya Palestine Na Israel


Secreteri wa departement ya reta ya Amerika John Kerry, ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu
Secreteri wa departement ya reta ya Amerika John Kerry, ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu

Secreteri wa department ya reta ya amerika John Kerry yatangaje kw’inzira y’amahoro mu buseruko bwo hagati, iriko iratera imbere.

Yamara umushingantahe Kerry avuga ko hakiri ibintu vyinshi vyo gukora.

Umushingantahe Kerry yatangaje ayo majambo inyuma y’aho abonaniye ejo ku musi wa gatandatu na president wa Palestine Mahmoud Abbas ubigira kabiri mu misi ibiri, mu gisagara ca Ramallah. Afise akizero kw’abategetsi ba Israeli hamwe n’abategetsi ba Palestine, bazokwumvikana mu misi ya vuba ku nzira yo kurondera amahoro.

Kerry yavuze kw’abajejwe ibiganiro bariko barihweza ibibazo nkoramutima, bigiteye ingorane. Umutegetsi ajejwe ibiganiro ku ruhande rwa Palestine, Saeb Erekat, yavuze kw’abanyaPalestine badashobora kwemera kw’ivyo biganiro biba impfagusa.
Abanyagihugu baharurwa mu majana, barihereje amabarabara ku musi wa gatanu, bariko biyamiriza ivyo biganiro vy’amahoro.

John Kerry yarabonanye kandi n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli, Benjamin Netanyahu hamwe n’umushikiranganji w’igihugu ca Israeli ajejwe imigenderanire Avigdor Lieberman, mur’urwo rugendo yagize mur’iyo ntara.

Yabwiye abo batetsi kw’inzira y’amahoro izotuma ibintu abanyaIsraeli hamwe n’abanyaPalestine bari mur’ivyo biganiro batumvikanako, bigabanuka, kandi kw’izotuma haboneka ingendo yo kwisunga mu gushikira amasezerano bwegu.
XS
SM
MD
LG