Uko wahagera

Ubutumwa bwa Papa Francis Kuri Noeli


Papa Francis,ariko arasoma misa kuri Noeli, itariki 25 y'ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka w'2013
Papa Francis,ariko arasoma misa kuri Noeli, itariki 25 y'ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka w'2013

Papa Francis yasomye imisi ya Noeli, aho yasabiye amahoro, igihugu ca Sudani kiri mu ngwano hamwe n’ibindi bihugu vyose vyo kw’isi, birangwamwo umutekano muke.

Papa Francis afise imyaka 77 ava mu gihugu ca Argentine, yasomye imisa uyu musi ku wa gatatu, ari imbere y’isinzi ry’abachristu mu kibanza citwa St. Peter’s Square, ariko ahimbaza, umusi ukomeye wa Noeli mu Bachristu.

Mu butumwa yashikirije abanyagihugu bo mu gisagara ca Vatican hamwe n’abanyagihugu bo kw’isi yose, Papa Francis yateye akamo gasaba amahoro n’umwimvikano mu banyaSudani, hamwe n’ibiganiro vyo kurangiza uruhagarara mu gihugu ca Nigeria, mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, muri Iraki hamwe no muri Syria.

Yasabiye kandi abanyaIsraeli hamwe n’abanyaPalestine kugira ngo ibiganiro barimwo, bizogire ico bivuyemwo.
XS
SM
MD
LG