Papa Francis afise imyaka 77 ava mu gihugu ca Argentine, yasomye imisa uyu musi ku wa gatatu, ari imbere y’isinzi ry’abachristu mu kibanza citwa St. Peter’s Square, ariko ahimbaza, umusi ukomeye wa Noeli mu Bachristu.
Mu butumwa yashikirije abanyagihugu bo mu gisagara ca Vatican hamwe n’abanyagihugu bo kw’isi yose, Papa Francis yateye akamo gasaba amahoro n’umwimvikano mu banyaSudani, hamwe n’ibiganiro vyo kurangiza uruhagarara mu gihugu ca Nigeria, mu gihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi, muri Iraki hamwe no muri Syria.
Yasabiye kandi abanyaIsraeli hamwe n’abanyaPalestine kugira ngo ibiganiro barimwo, bizogire ico bivuyemwo.