Uko wahagera

Isanganya ry’Indege Itwara Abantu muti Mozambique, Yahitanye Abantu 33 bose Bari Muriyo


Ikarata y'igihugu ca Mozambique
Ikarata y'igihugu ca Mozambique
Igipolisi mu gihugu ca Mozambique, catangaje kw’isanagnya y’indege itwara abantu yo muri ico gihugu, ryabereye mu gice kiri hafi y’urubibe n’igihugu ca Namibia, ryahitanye bose mirongo itatu na batatu bari muri iyo ndege.

Vyari bitegekanijwe kw’iyo ndege, yari ivuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mozambique, Maputo, irimwo abantu mirongo ibiri n’indwi, n’abakozi bo muri iyo ndege batandatu, yururukira ku murwa mukuru w’igihugu ca Mozambique, Luanda, ku muhingamo wo kumusi wa gatanu, yamara ntiyigeze ishika.

Inyuma yuko bitangajwe kw’iyo ndege irengero ryayo ritazwi, igikorwa c’ukurondera iyo ndege catumye ibisigarira vyayo bitorwa, ejo ku musi wa gatandatu, muri Park ya Bwabwata, iri hafi y’urubibe n’ibihugu vya Angola na Botswana.

Nta vyatangajwe buno nyene, ku coba catumye iyo ndege igira isanganya.

Abategetsi b’igihugu ca Mozambique, batangaje ko mu bapfuye muri iryo sanganya, barimwo abanya Mozambike cumi, abanya Angola icenda, Abanya Portugal batanu, umu Fransa, umunya Bresil n’umu Shinwa. Ubwenegihugu bw’abantu bantu batandatu, bashobora kuba bakora kuri iyo ndege, yagize isanganya ntibwamenyekanye icese.
XS
SM
MD
LG