Uko wahagera

Urugendo Rwa Susan Rice Muri Afghanistan


Susan Rice na president Karzai
Susan Rice na president Karzai

Umufasoni Rice hamwe na president w’igihugu ca Afghanistani, baravuganye ikibazo c’amasezerano yerekeye umutekano.

Umuhanuzi mukuru wa reta zunze ubumwe za amerika mu vyerekeye umutekano, Susan Rice yabwiye president w’igihugu ca Afghanistani Hamid Karzai ko reta zunze ubumwe za amerika zizokura abasirikare bazo bose mu gihugu ca Afghanistani inyuma y’umwaka w’2014, ngo mu gihe atotera igikumu bunonyene ku masezerano yerekeye umutekano.

Mu nama yabaye ejo ku musi wa mbere mu gisagara ca Kabul, umushingantahe Karzai yabwiye umufasoni Rice kw’atazohindura ingingo yafashe yo kwanka gutera igikumu kur’ayo masezerano, akaba rero yavuze kw’ iyo ngingo ashaka kw’izofata uwuzomusubirira.

Ahubwo umushingantahe Karzai yarasavye ibindi bintu bishasha, birimwo ibindi vyemezo kw’abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika batazosubira gutera imiryango y’abanyaAfghanistani mu mazu yabo, hamwe n’uko abanyamerika botangaza ko biyemeje gufasha mu gikiorwa co gusubira gutanguza ibiganiro n’abaTalebani vyahagaze.

Yarasubiye kandi gusaba ko reta zunze ubumwe za amerika ziyemeza gushigikira amatora abaye mu mwidegemvyo hamwe no ku mugaragaro mu gihugu ca Afgahnistani kw’igenekerezo rya gatanu ry’ukwezi kwa kane.

Iyo nama yabaye igihe umufasoni Rice yariko aragendera abasirikare ba reta zunze ubumwe za amerika mu rugendo rwiwe rwa mbere agize hanze ari umuhanuzi mukuru wa president Barack Obama, ajejwe umutekano.

Ku musi wa mungu, umushingantahe Karzai yaranse kwitaba akamo yari yatewe n’inama nshingamateka, kamusaba gutera igikumu bononyene ku masezerano yerekeye umutekano hagati ya amerika na Afghanistani.
XS
SM
MD
LG