Uko wahagera

Amasezerano Hagati Ya Irani, N’Ibihugu Bikomeye


President wa Reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama , ariko arashikiriza ijambo, ryerekeye amasezerano yapfunditswe hagati y'ibihugu vyo kw'isi bikomeye hamwe n'igihugu ca Irani, yerekeye programe nucleaire kw'igenekerezo rya 24 ry'ukwezi kwa cumi na rimwe, ari muri presidence ya Amerika, i Washington.
President wa Reta zunze ubumwe za amerika Barack Obama , ariko arashikiriza ijambo, ryerekeye amasezerano yapfunditswe hagati y'ibihugu vyo kw'isi bikomeye hamwe n'igihugu ca Irani, yerekeye programe nucleaire kw'igenekerezo rya 24 ry'ukwezi kwa cumi na rimwe, ari muri presidence ya Amerika, i Washington.

Abategetsi bo mu gihugu ca Iran barashimye amasezerano y’akataraboneka yerekeye programe nucleaire, bagiraniye n’ibihugu bikomeye vyo kw’isi.

Abo bategetsi bavuga kw’ayo masezerano yemeje kw’igihugu ca Irani gifise uburenganzira bwo gutunganya prorame nuclaire.

Abo bategetsi bongeye bavuga kw’ayo masezerano ar’intango yo kurangiza ibihano, igihugu ca Irani cafatiwe n’amakungu.

President w’igihugu ca Irani Hassan Rouhani yarashikirije ijambio abanyagihugu kuri television ejo ku musi wa mungu, ababwira kw’ayo masezerano ya mbere yapfundikiwe I Geneve mu gihugu c’Ubusuisse ejo ku musi wa mungu mu gitondo, yemera uburenganzira bw’igihugu ca Irani bwo kugwiza uranium.

Igihugu ca Irani kivuga kw’umugambi waco wo kugwiza Uranium, ar’umugambi w’amahoro. Yamara igihugu ca Israel hamwe n’ibihugu bikomeye vyo mu burengero, bifise ubwoba kw’igihugu ca Irani gishobora guhingura iyo Uranium ku buryo bwo mu rundi rwego, bwotuma gikora ibigwanisho ruhonyanganda.

Secreteri wa department ya reta ya Amerika, John Kerry, yarahakanye insiguro y’ayo masezerano iriko itangwa n’igihugu ca Irani, capfunditse na reta ya Amerika hamwe n’ibindi bihugu vyo mu burengero bikomeye:

Yabwiye abamenyeshamakuru ari I Geneve mu gihugu c’UIbuswisse kw’ayo masezerano atavuga kw’igihugu ca Irani gifise uburenganzira bwo kugwiza Uranium.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israeli Benjamin Netanyahu yariyamirije ayo masezerano; akaba avuga kw’ayo masezerano ar’amakosa y’akataraboneka. Yavuze ko bubaye ubwa mbere, amakungu yemeza kw’igihugu ca Irani gikwiye kubandanya kugwiza Uranium.

Presidence ya Amerika yatangaje ko president Barack Obama yatelephonye umushingantahe Netanyahu ejo ku musi mungu, akamubwira kw’ashaka ko reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’igihugu ca Israeli, bitangura kugira ibiganiro bunonyene, mu twigoro two kurondera amasezerano akwiye n’igihugu ca Irani.
Umushingantahe Obama yabwiye umushingantahe Netanyahu ko Reta Zunze ubumwe za ameriika ziyemeje kuguma inyuma y’igihugu ca Israeli.

Abategetsi bo mu gihugu ca Israeli bavuga kw’igihugu ca Irani gifise ibigwanisho ruhonyanganda, gishobora kugeramira umutekano w’igihugu cabo, ngo kuko igihugu ca Irani, gikunda kuvuga kw’igihugu ca Israeli gikwiye kuzimanganywa.
XS
SM
MD
LG