Uko wahagera

Joseph Kony Avurwa ko Arwaye Bikomeye


Joseph Kony
Joseph Kony
Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika, yatangaje ko Joseph Kony, ashobora kuba arwaye bikomeye, kw’ariko agerageza kurondera aho ahungishiriza abarwanyi b’umurwi wiwe, Lord’s Resistance Army.

Francisco Madeira, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, ku vyerekeye umurwi LRA, yatangaje ejo ku musi wa gatatu, kw’umutegetsi w’igihugu ca Centrafrique, yavuganye na Kony, akaba ariko agerageza kuganira ukwishikiriza kwiwe.

Yamara Madeira yatangaje ko Kony ashobora kuba ariko agerageza gutuma Reta ya Centrafrique iganira nanwe, kugira aronke umwanya w’ukwimura abarwanyi biwe.

Madeira, ntiyashikirije inkomoko, canke ubwoko bw’indwara Kony avurwako afise.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’I La Haye yagirije Kony ivyaha vyo mu ngwano.

Inteko z’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika, zo mu karere, ibihumbi bitanu, zifashijwe n’inteko zidasanzwe ijana z’Abanyamerika, zimaze igihe zihiga Kony n’abarwanyi biwe, mu mashamba ku mbibe z’ibihugu vya Centrafrique, Sudani yo mu bumanuko, na Republika iharanira Demokrasi ya Congo.
XS
SM
MD
LG