Uko wahagera

Ku bwa Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande, Yeruzalemu Yotegerezwa Kuba Umurwa Mukuru wa Israel na Palestina


Prezida w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Mahmoud Abbas na mugenziwe w'Ubufransa, Francois Hollande
Prezida w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Mahmoud Abbas na mugenziwe w'Ubufransa, Francois Hollande
Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande yasavye abategetsi b’igihugu ca Israel, n’abategetsi b’Abanya Palestina, gushika ku masezerano y’amahoro, mu kuvuga kw’igisagara ca Jeruzalemu, gitegerezwa kuba umurwa mukuru w’igihugu ca Israel, n’igihugu ca Palestina.

Ivyo prezida Hollande, yabitangaje igihe yariko ashikiriza ijambo inama nshingamateka y’igihugu ca Israel, ku muhingamo w’ejo ku musi wa mbere, aho yasavye impande zose gufata ingingo zotuma umugambi w’amahoro ugira intambwe.

Yongeye arondera guhumuriza Israel, ku biganiro hagati y’ibihugu bikomeye vyo kw’isi n’igihugu ca Irani, mu kubwira abashingamateka b’igihugu ca Israel, kw’Ubufransa butokwigera burekurira igihugu ca Irani kugira ibirwanisho ruhonyanganda.

Imbere y’ijambo rya prezida Hollande, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yasavye prezida w’ubutegetsi bw’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas, kwemera uburenganzira bwa Israel bw’ukubaho nk’igihugu c’Ayahudi. Netanyahu yaremeye kandi kuja mu gisagara ca Ramallah, gushikiriza ijambo Abanya Palestina.

Imbere yaho, ejo ku musi wa mbere, prezida Hollande, yasavye abategetsi b’igihugu ca Israel, guhagarika kwubaka ibibanza bigenewe kugererwamwo n’Abayahudi, ku bitaka Israel yigaruriye, mu kuvuga ko kwubaka ivyo bibanza, bitorohereza ibiganiro n’Abanya Palestina.
XS
SM
MD
LG