Uko wahagera

Isanganya ry’Indege Itwara Abantu y’Uburusiya Ryahitanye Abantu Mirongo Itanu


Ikibanza c'aho indege itwara abantu y'Uburusiya, Boeing 737 yagiriye isanganya ku kivuga c'indege ca Kazan, mu gihugu c'Uburusiya
Ikibanza c'aho indege itwara abantu y'Uburusiya, Boeing 737 yagiriye isanganya ku kivuga c'indege ca Kazan, mu gihugu c'Uburusiya
Indege itwara abantu w’igihugu c’Uburusiya, yaragize isanganya igihe yaruko igerageza kwururuka, mu gisagara ca Kazan, mu vyahitanye abantu mirongo itanu base bari muriyo.

Iyo ndege, yari ivuye ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, yariko igeregeza ubugira kabiri kwururuka ku muhingamo wo ku musi wa gatandatu, ikaba yaraturitse igihe yaseka hasi ku kubuga c’indege, mu vyahitanye abantu mirongo ine na bane, n’abakozi batandatu bo kuri iyo ndege.

Nta bimenyetso vyibonekeje buno nyene, ku coba catumye iyo ndege Boeing 737, isambukira, mu gisagara ca Kazan, ku bilometero amajana indwi na mirongo ibiri, mu buseruko bw’umurwa mukuru w’Ubusuriya, Moscou.
XS
SM
MD
LG