Uko wahagera

Igitero Muri Kenya -Uburundi burakomeje Umutekano.


Umupolisi yarikko aragerageza gucungera umutekano mu kibanza kirimwo imanganzine nyinshi bita Westgate Shopping Center, aho abantu bitwaje ibigwanisho, bariko bararasa abantu i Nairobi kw'igenekerezo rya 2 ry'ukwezi kw'icenda , umwaka w'i 2013.
Umupolisi yarikko aragerageza gucungera umutekano mu kibanza kirimwo imanganzine nyinshi bita Westgate Shopping Center, aho abantu bitwaje ibigwanisho, bariko bararasa abantu i Nairobi kw'igenekerezo rya 2 ry'ukwezi kw'icenda , umwaka w'i 2013.

Abagwanyi bo mu muhari w’intagondwa z’abaIslamu, al-Shabab warakoze igitero ku musi wa gatandatu mu kibanza kirimwo amamanganzine menshi.

Abo bagwanyi bararashe abantu bari mur’ayo mamanganzine yo ku kibanza citwa Wesgate Mall, mu gi hugu ca Kenya, barimwo abana.

Abategetsi bo mu gihugu ca Kenya bavuga kw’abantu 62 bishwe, barimwo abagabo babiri bari mur’izo nkozi z’ikibi. Mu bantu bishwe harimwo umwongerza, umunyaCanada, umufaransa , umuhindi hamwe n’unyakorea y’epfo.

Amakuru atangazwa avuga kw’umurwi al-Shabab uriko urihora ku ngingo, igihugu ca Kenya cafashe yo kurungika inteko zigiye gutuza uyo murwi w’intagondwa mu gihugu ca Somalia.

Igihugu c’Uburundi naco nyene cararungitse inteko mu gihugu ca Somalia. Inyuma y’aho umuhari al-Shabab ukoreye ico gitero I Nairobi mu gihugu ca Kenya, reta y’Uburundi yarahojeje abanyaKenya, yongera iratangaza kw’umutekano war’usanzwe ucungerewe cane kubera uyo muhari wigeze gutangaza kw’ushobora gukora ibitero mu Burundi, ugiye gucungerwa kurusha, nk’uko umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati, Edouard Nduwimana, yabibwiye Frederic Nkundikije:

Mushobora kwumviriza ikiganiro.
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG