Abo bagwanyi bararashe abantu bari mur’ayo mamanganzine yo ku kibanza citwa Wesgate Mall, mu gi hugu ca Kenya, barimwo abana.
Abategetsi bo mu gihugu ca Kenya bavuga kw’abantu 62 bishwe, barimwo abagabo babiri bari mur’izo nkozi z’ikibi. Mu bantu bishwe harimwo umwongerza, umunyaCanada, umufaransa , umuhindi hamwe n’unyakorea y’epfo.
Amakuru atangazwa avuga kw’umurwi al-Shabab uriko urihora ku ngingo, igihugu ca Kenya cafashe yo kurungika inteko zigiye gutuza uyo murwi w’intagondwa mu gihugu ca Somalia.
Igihugu c’Uburundi naco nyene cararungitse inteko mu gihugu ca Somalia. Inyuma y’aho umuhari al-Shabab ukoreye ico gitero I Nairobi mu gihugu ca Kenya, reta y’Uburundi yarahojeje abanyaKenya, yongera iratangaza kw’umutekano war’usanzwe ucungerewe cane kubera uyo muhari wigeze gutangaza kw’ushobora gukora ibitero mu Burundi, ugiye gucungerwa kurusha, nk’uko umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati, Edouard Nduwimana, yabibwiye Frederic Nkundikije:
Mushobora kwumviriza ikiganiro.