Uko wahagera

Oscar Pistorious, Azocirwa Urubanza Mu Kwa Gatatu


Oscar Pistorius ariko ararira, igihe yariko arasenga ri kumwe na mushiwe Aimee hamwe na mwenewabo, Carl muri sentare yo mu gisagara ca Pretoria, kw'igenekerezo rya 19 ry'ukwezi kw'umunani
Oscar Pistorius ariko ararira, igihe yariko arasenga ri kumwe na mushiwe Aimee hamwe na mwenewabo, Carl muri sentare yo mu gisagara ca Pretoria, kw'igenekerezo rya 19 ry'ukwezi kw'umunani

Oscar Pistorious, umunyaAfrika y’Epfo yabaye kirangiranwa mu kwiruka, azociriwa urubanza mu kwezi kwa gatatu, ku birego yagirizwa.

Ivyo birego bivuga ko yishe umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, igihe yari imuhira iwe, mu ntango z’uyu mwaka.

Pistorious ejo ku musi wa mbere, yari muri sentare yo mu gihugu ca Pretoria, aho yashikirijwe icese ivyaha yagirizwa.

Umucamanza yavuze kw’urubanza rwiwe, ruzotangura kw’igenekerezo rya gatatu ry’ukwezi kwa gatatu, kandi ruzomara indwi zitatu.

Pistorious azoguma yidegemvya gushika ku musi azorengukira muri sentare.
Yaremeye ko yarashe umukobwa bakundana Steenkamp, yamara aguma avuga ko yari yamwitiranije n’umusuma yar’amwinjiranye: Yamara abashikirizamanza, bavuga ko yamurashe yabiteguye.

Mu gihe ivyaha yagirizwa vyomwagira, Pistorious yofpungwa ubuzima bwiwe bwose.
XS
SM
MD
LG