Ivyo birego bivuga ko yishe umukobwa bakundana, Reeva Steenkamp, igihe yari imuhira iwe, mu ntango z’uyu mwaka.
Pistorious ejo ku musi wa mbere, yari muri sentare yo mu gihugu ca Pretoria, aho yashikirijwe icese ivyaha yagirizwa.
Umucamanza yavuze kw’urubanza rwiwe, ruzotangura kw’igenekerezo rya gatatu ry’ukwezi kwa gatatu, kandi ruzomara indwi zitatu.
Pistorious azoguma yidegemvya gushika ku musi azorengukira muri sentare.
Yaremeye ko yarashe umukobwa bakundana Steenkamp, yamara aguma avuga ko yari yamwitiranije n’umusuma yar’amwinjiranye: Yamara abashikirizamanza, bavuga ko yamurashe yabiteguye.
Mu gihe ivyaha yagirizwa vyomwagira, Pistorious yofpungwa ubuzima bwiwe bwose.