Uko wahagera

Ubwicanyi Bwabereye Mu Gatumba mu 2004.


Olivier Mandevu
Olivier Mandevu

Kw’igenekerezo rya 13 ry’ukwezi kw’umunani mu mwaka w’2004, niho haba ibitero kw’ikampi y’impunzi z’abanyamurenge mu Burundi.

Ico gihe abanyamurenge batari bake, barahasize ubuzima. Ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu mur’ubwo bwicanyi bwabereye mu Gatumba, barakoze icunamu muri reta zunze ubumwe za amerika co kwibuka imyaka icenda irangiye abasivile b’abanyamulenga baba mur’iyo kampi, bagandaguwe.

Umukuru w’ishirahamwe Gatumba Foundation, Olivier Mandevu, yaboneyeho akaryo ko gutera akamo amakungu gasaba kw’abantu bose bagize uruhara mur’ubwo bwicanyi bakubitwa intahe mu gahanga.

Mur’iki kiganiro rero, Olivier Mandevu arishura ibibazo vyabajijwe na Boaz Nkingi hamwe na Fidele Nkomezi, bose bafise abantu basize ubuzima mur’ubwo bwicanyi:
Mushobora kwumviriza ikiganiro.
please wait

No media source currently available

0:00 0:30:12 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG