Uko wahagera

Ikoraniro ry’Urwaruka rw’Abanyarwanda, Rufise Ivyiyumviro vy’Ugushiraho Imigambi y’Ukwiteza Imbere, mu Gisagara ca Oklahoma City


ELE Rwanda Founder and CEO,Yves Iradukunda
ELE Rwanda Founder and CEO,Yves Iradukunda
Kw’italiki zibiri n’italiki zitatu z’uku kwezi kw’umunani, urwaruka rw’Abanyarwanda bafise ivyiyumviro vy’ugushiraho imigambi y’ukwiteza imbere, mu Rwanda, barakoraniye mu gisagara ca, Oklahoma City, aho baganiye ku buryo bw’ukwiteza imbere.

Radiyo ijwi rya Amerika ryarashoboye kuganira na bamwe mu bari bategauye iryo koraniro: Yves Iradukunda, yashinze akongera akaba ari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ELE Rwanda; Christelle kwizera, umuyobozi ajejwe ivyerekeye amafranga mw’ishirahamwe ELE Rwanda na Ornella Gashumba, ajejwe kumenyekanisha ishirahamwe ELE Rwanda.

Abandi Ijwi rya Amerika ryari ryatumiye ni Ben Mugisha, umucuraranzi w’Umunyarwanda, na Dioscore Shikama, umumyeshule kuri kaminuza y’igihugu mu Rwanda.

Baravuze, ku vyerekeye ishirahamwe ELE Rwanda, rigerageza guha ivyiyumviro abakiri bato b’Abanyarwanda, kugira bashobore gushiraho imigambi y’ukwiteza imbere, mu Rwanda, hamwe n’ivyavuye mw’ikoraniro ryabaye, mu gisagara ca Oklahoma City, mu mpera z’indwi irangiye.

Tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:26:37 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG