Uko wahagera

Ikigobe ca Korea, Carahimbaje Imyaka Mirongo Itandatu Irangiye, Ingwano yo muri Korea Irangiye


Abasekombata b'iingwano yo muri Korea bo muri Korea ya ruguru.
Abasekombata b'iingwano yo muri Korea bo muri Korea ya ruguru.
Abanya Korea, mu kigobe ca Korea, baributse imyaka mirongo itandatu irangiye, ingano yo muri Koera irangiye, mu mwaka w’1953.

Korea ya ruguru, yaragirishije defile ikomeye cane y’igisirikare, ejo ku musi wa gatandatu, y’ukwibua ivyo Koera ya ruguru, uvuga kw’ari umusi umusi w’intsinzi, mu ngwano y’uguhabuka igihugu.

Umutegetsi mukuru w’igihugu ca Koera ya ruguru, Kim Jong Un, ari kumwe n’abategetsi bakuru b’umugambwe n’igisirikare, yararoye defise y’inteko z’igihugu, ibimodoka vya blinde, n’ama missile, mu kibanza citiriwe Kim IL Sung, ku murwa mukuru wa Korea ya ruguru, Piyongyang.

Indege za kajugujuguk n’indege z’ingwanok zaraciye hejuru y’ico kibanzak igihe Kim Jon Un yariko aramutsa inteko z’igihugu.

Mu gihugu ca Koera y’epfo, kwibuka imyaka mirongo itandatu irangiyek ingwano yo muri Koera irangiye, wahimbajwe n’ijambo rya prezida, Park Geun-Hy, n’iyerekanwa ry’amasanamu kuri kahise k’ingwano yo muri Korea.
XS
SM
MD
LG