Uko wahagera

Ishirahamwe ry’Ibihugu vy’I Bulaya, Rirashima Uburyo Amatora, muri Mali Yataguwe


Ibikoresho vy'amatora mu gihugu ca Mali
Ibikoresho vy'amatora mu gihugu ca Mali
Aba kandida,, mu gihugu ca Mali, bagirishije amakoraniro ya nyuma, uno musi ku wa gatanu, mu gihe igihugu ca Mali kiriko citegurira amatora ahambaye y’umukuru w’igihugu, azoba ku musi w’Imana.

Aba Kandida, bane canke barenga, bagirishije amakoraniro, uno musi ku wa gatanu, mu bumanuko bw’igihugu, aho igitigiri kinini c’abatora bari, kandi aho Abanya Mali ibihumbi n’ibihumbi bahungiye, mu mwaka uheze, inyuma yuko abarwanyi b’Aba Islamu bafashe uburaruko bw’igihugu ca Mali.

Umuyobozi w’abajejwe gukwirikirana amatora, b’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya mu gihugu ca Mali, Louis Michel, yatangaje, uno musi ku wa gatanu, ko batangajwe mu buryo bziza, n’ukugene ibintu vyataguye, ku vyerekeye amatora, yo ku musi w’Imana.

Abategetsi b’igihugu ca Mali, barihutiye gutanga amakarata y’ugutora imiliyoni indwi, imbere y’amatora.

Amakosa, ku rutonde rw’abatora, n’ibindi bibazo, vyatumye haba ivyagirizo vy’ubusuma, n’utundi tunenge, ku bijanye n’amatora.
XS
SM
MD
LG