Uko wahagera

Panama Yasavye Ishirahamwe, O-N-U, Gutohoza Ubwato bw’Igihugu ca Korea ya Ruguru, Bwafashwe


Ubwato bwa Korea ya ruguru bwari butwaye ibirwanisho
Ubwato bwa Korea ya ruguru bwari butwaye ibirwanisho
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’igihugu ca Cuba, bwaremeye kw’ubwato bw’igihugu ca Korea ya ruguru, bwafashwe hafi y’umuhora w’amazi wa Panama, bwari butwaye ibirwanisho bivuye muri Cuba.

Ubwo bushikiranganji bwamanyesheje kandi kw'ivyo birwanisho, vyarimwo ibikoresho vy’amamissile arasa indege, roquette zari zasambuwe, n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyari birungitswe muri Korea ya ruguru, kugira bisanurwe.

Abategetsi b’igihugu ca Panama, bahagaritse ubwo bwato, kubera ukwikeka ko bwari butwaye ibiyayura umutwe.

Bakaba ahubwo basanze ubwo bwato burimwo ibikoresho bikomeye vy’amamissile, vyari vyanyegejwe mw’isukari.

Bishobora kuzofata imisi itari mike abategetsi b’igihugu ca Panama, gusuzuma ivyo birwanisho.

Ivyerekeye ivyo birwanisho, bishobora gushikirizwa abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, kugira batohoze nimba irungikwa ry’ivyo birwanisho birenga, ku bihano biziririza Korea ya ruguru, kugura canke kugurisha missile ballistique, canke ubuhinga bwerekeye ibirwanisho ruhonyanganda.
XS
SM
MD
LG