Uko wahagera

Mu Misiri, abanyagihugu Baratanye Mu Mitwe


Umukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi ariko arashikiriza imigambi ya gisirikare kw'igenekerezo rya 3 ry'ukwezi kw'indwi, 2013
Umukuru w'igisirikare ca Misiri, Abdel Fattah al-Sisi ariko arashikiriza imigambi ya gisirikare kw'igenekerezo rya 3 ry'ukwezi kw'indwi, 2013

Abasirikare baratesheje abanyagihugu bashigikiye president Mohamed Morsi hamwe n’abanyagihugu bamwiyamiriza, bariko baratana mu mitwe.

Ibimodoka vya blinde vyarinjiye ku murwa mukuru Cairo ejo ku musi wa gatanu.
Umuvugizi w’igisirikare yabwiye ibiro vy’abaFaransa bijejwe gutangaza amakuru kw’abasirikare ata ruhande na rumwe begamiye, kandi ko bariko barakingira ubuzima bw’abanyagihugu.

Abo banyagihugu baratangaye mu mitwe mu gisagara cose ca Cairo hamwe no mu bindi bisagara birimwo, Alexandria ejo ku musi wa gatanu, aho bateye amabuye bakanagwana. Television y’igihugu ca Misiri, yaratangaje amakuru avuga kw’abantu 17 bishwe.

Ejo ku musi wa gatanu mu girtondo naho, abasirikare ba reta ya Misiri bararashe ku banyagihugu bashigikiye umushingantahe Morsi, bariko baragerageza kwinjira mu nyubakwa z’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi.

Abasirikare bahagaritse umushingantahe Morsi hamwe n’abandi bategetsi bo mu muhari Muslim Brotherhood ku musi wa gatatu, bongera barahagarika ibwirizwa shingiro. Abasirikare bavuga ko bafashe iyo ngingo kugira ngo ntihabe akajagari kavuye ku mugumuko.
XS
SM
MD
LG