Uko wahagera

Abategetsi b’Igihugu ca Kenya, Barafashe Igitigiri Kinini c’Amenyo y’Inzovu


Amenyo y'Inzovu
Amenyo y'Inzovu
Abategetsi mu gisagara kirimwo ikivuko ca Mombasa, mu gihugu ca Kenya, barafashe igitigiri kinini c’amenyo y’inzovu yari arungitswe, mu gihugu ca Malaysia.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, ryatangaje kw’ayo menyo y’inzovu, yari avuye mu gihugu ca Uganda, yari afise ibiro birenga igihumbi n’amajana ane.

Abategetsi bo ku kivuko ca Mombasa, batangaje kw’ayo menyo y’inzovu yari yanyegejwe mu mafi yumye.

Igihugu ca Kenya, n’ibindi bihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko, vyaragerageje gufatira ingingo zikomeye ubucuruzi bw’amenyo y’inzovu, mu buryo butarekuriwe n’amategeko, mu vyatumye kwica inzovu muri Afrika vyiyongera.

Igitigiri c’abantu barondera amenyo y’inzovu, mu karere ka Asia, kiracari hejuru, aho akoreshwa mu gushariza, n’uburyo bw’ukuvura bwa kera.
XS
SM
MD
LG