Uko wahagera

Prezida wa Misiri, Mohamed Morsi, Yasavye Igisirikare, Gikuraho Ukugabisha kwaco, ku Vyerekeye Uruhagarara rwa Politike mu Gihugu


Prezida w'igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida w'igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, yatangaje ko atazotanga imihoho, naho abantu isinzi bari mu myiyerekano bamusavye gutanga imihoho.

Prezida Morsi, yagiye kuri televiziyo, ku muhingamo w’ejo ku musi wa kabiri, aho yibukije abariko bamwumviriza, ko yatowe biciye mu nzira ya demokrasi, haraheze ikiringo kirenga umwaka.

Yatangaje kw’azobandanya amabanga yiwe, asabwa n’ibwirizwa znshingiro, naho habaye imyiyerekano ikomeye isaba kw’atanga imihoho.

Prezida Morsi, yasavye kandi kw’igisirikare gikuraho ukugabisha kwaco, ku vyerekeye gufata ingingo, ku vyerekeye uruhagarara rwa politike rurangwa mu gihugu.

Igisirikare caragabishije ko kizoshikiriza imigambi yerekeye kazoza k’igihugu ca Misiri, niyo ivyo prezida Morsi, n’abatavuga rumwe na Reta, bitatorerwa inyishu uno musi ku wa gatatu.

Muri ico gihe, Abanya Misiri, batari bake, baragize imyiyerekan,o mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kabiri, bamwe muribo bari bashigikiye prezida Morsi, mu gihe abandi basaba kw’atanga imihoho.

Mu gihe prezida Morsi, yariko arashikiriza ijambo abanyagihugu, Abanya Misiri isinzi barabandanije kugira imyiyerekano, ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo, bamwe bari bashigikiye prezida Morsi, mu gihe abandi basaba kw’atanga imihoho.
,
XS
SM
MD
LG