Uko wahagera

Inteko Zijejwe Gucungera Umutekano z’Ishirahamwe O-N-U, Zaratanguye Igikorwa Cazo, Muri Mali


Ikarata y'igihugu ca Mali
Ikarata y'igihugu ca Mali
Inteko zijejwe gucungera umutekano z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, zarashikiye amabanga y’ukwubahiriza umutekano, mu gihugu ca Mali, yahora ari mu minwe y’inteko zari ziyobowe n’ibihugu vyo muri Afrika, mu gihe igihugu ca Mali kiriko kirondera kugira umutekano, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu, azoba mu kwezi kuza.

Mu birori, ejo ku musi wa mbere, nyinshi mu nteko zo muri Afrika ibihumbi bitandatu, zagiye mu nteko z’ishirahamwe O-N-U, amezi atandatu inyuma yuko zirungitswe, mu gihugu ca Mali, gufasha igisirikare ca Mali, kurwanya abarwanyi b’Aba Islamu, bafashe uburaruko bw’igihugu.

Umukuru w’inteko z’ishirahamwe O-N-U, mu gihugu ca Mali, Bert Koenders, yatangaje ejo ku musi wa mbere, ari ku murwa mukuru, Bamako, kw’inteko z’ibihugu vyo muri Afrika zisanzwe ziri muri Mali zizoba zifise amezi ane, kugira zibe zamaze kumenya amategeko ngenderwako y’ishirahamwe O-N-U, ku bijjanye n’ibikorwa vy’ugucungera umutekano.

Koenders, yatangaje kw’izo nteko zizomenyerezwa, zikongera kandi zigahabwa ibikoresho, ku vyerekeye igikorwa cazo c’ugucungera umutekano.
XS
SM
MD
LG