Uko wahagera

Prezida w’Igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, Yariyamirije Ikiringo Yahawe c’Amasaha 48, Kugira Abe Yatanze Imihoho


Prezida w'igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Prezida w'igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Ibiro vya prezida w’igihugu ca Misiri vyariyamirije ikiringo ntarengwako cashikirijwe n’igisirikare, cuko prezida Mohamed Morsi, n’abayoboye abatavuga rumwe na Reta botorera inyishu ivyo batumvikanako, mu kiringo c’amasaha mirongo ine n’umunani, bakongera bumvikana ku nzira bakworikira.

Iryo tangazo, ry’ejo ku musi wa mbere, ryamenyesheje ko prezida Morsi azoguma ku mugambi wiwe w’ukunywanisha Abanya Misiri.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, General Abdel Fattah el-Siss,i yahaye ico kiringo izo mpande zibiri, ejo ku musi wa mbere, inyuma y’I misi itari mike y’imyiyerekano ikomeye, mu gihugu cose, n’ubwicanyi bwahitanye abantu cumi na batandatu canke barenga.

El-Sissi, yatangaje ko niyo Abanyepolitike bananirwa gushika ku masezerano, igisirikare kizoshisikiriza imigambi yaco, ku vyerekeye kazoza k’igihugu ca Misiri.

Mu gitondo, c’uno musi kuwa kabiri, ibinyamakuru, radiyo na televiziyo vy’igihugu ca Misiri vyatangaje kw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Misiri, Mohamed Kamel Amr, yashikirije ikete ry’ugutanga imihoho. Abandi bashikiranganji bane canke barenga baratanze imihoho, kuva ku musi w’Imana.

Abayoboye abatavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Misiri, bahaye prezida Morsi, gushika isaha cumi n’imwe yo ku muhingamo, amasaha yo ku murwa mukuru Cairo, uno musi ku wa kabiri, kugira abe yatanze imihoho.
XS
SM
MD
LG