Uko wahagera

President Obama Na president Bush, Muri Tanzania


President Obama hamwe na president wa Tanzania Kikwete baramutsa abanyagihugu ku ngoro kwa president i Dar es Salaam.
President Obama hamwe na president wa Tanzania Kikwete baramutsa abanyagihugu ku ngoro kwa president i Dar es Salaam.

Presidence ya Amerika yatangaje ko president George W. Bush azobonana na president Baracl Obama.

Mur’iyi ndwi, abo natetetsi bose bari mu gihugu ca Tanzania.

Umushingantahe Bush azokwifatanya n’umushingantahe Obama ejo ku musi wa kabiri I Dar-Es Salaam, igihe c’ibirori vyo gushira urugori rw’amashurwe mu kibanza ciciwemwo abantu mu mwaka w’1998, bari muri ambassade ya reta zunze ubumwe za amerika, mur’ico gihugu.

Umushingantahe Obama yashitse mu ighugu ca Tanzania uyu musi ku wa mbere: igihugu kigira gatatu, arinaco ca nyuma, agendeye kuva atanguye urugendo rwiwe muri Afrika.

Umushingantahe Bush ari mu gihugu ca Tanzania, aho yagiye mu nama yerekeye abafasoni, yatunganijwe n’ishirahamwe ryitwa, George W. Bush Institute.

Umutambukanyi wa president Obama, Michelle Obama hamwe n’umutambuknyi wa George W. Bush, Laura Bush, nabo nyene bazobonanira mur’iyo nama y’abafasoni, izoshimikira cane cane ku ndero n’inyigisho z’abakenyezi; amagara y’abantu hamwe n’iterambere ry’abafasoni mu vyerekeye ubutunzi.
XS
SM
MD
LG