Uko wahagera

Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika Joh Kerry Amenyesha kw’Ari Ibishoboka kw’Ibiganiro Hagati ya Israel n’Abanya Paletina Bishobora Kubandanya


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry yatangaje yagabanije bikomeye ukutumvikana hagati y’Abanya Isreal n’Abanya Palestina, akaba yemera ko kw’ukubandanya ibiganiro hagati y’izo mpande zibiriari ibintu bishobora gushikwako.

Ivyo John Kerry yabitangarije abamenyeshamakuru ejo ku musi w’Imana igihe yariko yitegaurira kuva ku kubuga c’indege co ku murwa mukuru w’igihugu ca Israel, Tel Aviv inyuma y’imisi ine y’ibiganiro yagiranye n’abayobozi b’igihugu ca Israel n’abategetsi b’Abanya Palestina.

Nta vyinshi yatangaje ku ntambwe avuga ko zashitsweko, canke igihe ibiganiro bizoshobora gusubira kubandanya.

Ibiganiro hagati ya Israel n’Abanya Palestina vyarahagaze mu kiringo c’imyaka ine irangiye, umuntu aretse incuro y’ibiganiro vy’amahoro yamaze igihe gitoyi mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’2010.

Imbere yuko aja ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru warael, Tel Aviv, Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry yarabonanye na prezida w’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas mu gisagara ca Ramallah mu ntara ya Cisjordaniya, akaba yatangaje kw’intambwe zashitsweko, ngo yamara we n’abategetsi ba Israel n’abayobozi b’Abanya Palestina hari ibintu bikeyi bakeneye gutunganya.
XS
SM
MD
LG