Uko wahagera

Uburenganzira Bw’Abasangiye Ibitsina


Lisa Dazols na Jenny Chang bariko barigina ingingo ya sentare nkuru ya Amerika, iha uburenganzira ababirana basangiye igitsina
Lisa Dazols na Jenny Chang bariko barigina ingingo ya sentare nkuru ya Amerika, iha uburenganzira ababirana basangiye igitsina

Sentare nkuru ya reta zunze ubumwe za amerika, yaraye iciye urubanza ruha uburenganzira, abasangiye igitsina.

Urwo rubanza ruvuga ko reta ya Amerika itegerezwa kwemera kw’abantu babiri basangiye igitsina, bafise uburenganzira bwo kwabirana biciye mu mategeko, agenga abubakanye.

Iyo ngingo ya sentare nkuru y’igihugu, irahinduye ingingo yahora yima abantu babiri bubakanye basangiye ibitsina, uburenganzira bujanye n’ikori, uburenganzira bwo kwivuza hamwe n’ uburenganzira bw’agashahara ko mu za bukuru, bisanzwe bihabwa abantu bubakanye.

Iyo ngingo yerekeye reta ya Amerika, ntabwo itegeka intara zo muri reta zunze ubumwe za amerika zitandukanye, kwemera iryo tegeko n’iyo ngingo.

Mu ntara zo muri Amerika zirenga 12, hamwe no mu gisagara ca Washington DC, amategeko aremera kw’abantu basangiye igitsina babirana.
XS
SM
MD
LG