Imyiyerekano ikomeye cane, itari bwaboneke mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri, yariyongeye, mu gihugu ca Bresil, na Reta y’ico gihugu hari ivyo yahebeye, abariko bagira iyo myiyeyekano, bigenewe kuyigaharika.
Ejo ku musi wa kane, abantu ibihumbi amajana atatu barihereje amabarabara, mu gisagara ca Rio de Janeiro, abandi ibumbi amajana n’amajana bakaba baragize imyiyerekano, mu bindi bisagara.
Igipolisi, mu gisagara ca Rio de Janeiro, carazibiye igice kiri hafi y’ikibuga c’umupira w’amaguru ca Maracana, ejo ku musi wa kane, kubera ubwoba kw’abari mu myiyerekano, bari kugerageza guhungabanya urukino rw’umupira w’amaguru, rw’igikombe c’imirwi nserukiragihugu yatsindiye ibikombe, mu ntara zitandukanye zo kw’isi ivamwo, rwariko rubera imbere muri ico kibuga ca Maracana.
Imyiyerekano, y’ukwiyamiriza Reta y’igihugu ca Brezil, yarakwiragiye, mu gihugu ca Bresil, mu ndwi iheze
Mu vyari vyatewe, mu ntango, n’iduzwa ry’ibiciro vy’ama bus na metro, iyo myiyerekano mu nyuma yaho, yashimikiye ku kugene Reta ititayeho ibintu ngenderwako, ku banyagihugu, hamwe n’ukurya bruswa vyimonogoje.
Muri ico gihe, inkino z’igikombe c’imirwi yatsindiye ibikombe, mu ntara zitandukanye zo kw’isi ivamwo, zarabandanije, ejo ku musi wa kane, aho mu nkino zabaye mu murwi B, Espagne yatsinze Tahit,i ibitsindo cumi ku busa, mu gihe Uruguay yatsinze Nigeria ibitsindo bibiri kuri kimwe.