Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama, Yarateye Akamo k’uko Ibirwanisho Ruhonyanganda, Vyogabanywa, mw’Ijambo Yashikirije, mu Gisagara ca Berlin, mu Budagi


Prezida wa Amerika, Barack Obama, na Chenceliere w'Ubudagi, Angela Merkel bariko baha ikiganiro abamenyeshamakzuru, mu gisagara ca Berlin, mu Bidagi, kw'italiki cumi n'icenda z'ukwezi kwa gatandatu mu mwaka w'2013.
Prezida wa Amerika, Barack Obama, na Chenceliere w'Ubudagi, Angela Merkel bariko baha ikiganiro abamenyeshamakzuru, mu gisagara ca Berlin, mu Bidagi, kw'italiki cumi n'icenda z'ukwezi kwa gatandatu mu mwaka w'2013.
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yarashikirije imigambi yiwe, y’ugutuma abantu baba kw’isi itarangwa n’ibirwanisho ruhonyanganda, mw’ijambo yashikirije ejo ku musi wa gatatu, mu kibanza kizwi mu mateka, ca Brandenburg, mu gisagara ca Berlin, mu gihugu c’Ubudagi.

Prezida Obama, yatangaje kw’azorondera kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda, gushika ku ca gatatu, kandi kw’azosubira kugirana ibiganiro, n’abategetsi b’Uburusiya, kugira barengere igihe c’imishamirano, yagabisha gukoresha ibigwanisho ruhonyanganda.

Prezida Obama, yatangaje ko kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda bishoboka, mu gihe ivyo ata ngaruka vyogira, ku mutekano wa Amerika, n’ibihugu bicuditse.

Umugambi wa prezida Obama, ushaka kuvuga ko Amerika n’Uburusiya vyotegerezwa gabanya ibigwanisho ruhonyanganda, gushika ku ca gatatu, musi y’urugero rwumvikanyweko, hagati y’ivyo bihugu bibiri, mu masezerano mashasha yerekeye ibigwanisho ruhonyanganda, New START Treaty.

Ayo masezerano, yateweko igikumu mu mwaka w’2010, asaba ivyo bihugu bibiri kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda, gushika ku gihumbi n’amajana atanu na mirongo itanu, mu mwaka w’2018.
.
XS
SM
MD
LG