Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, muri Somalia, yatangaje kw’abantu cumi na batanu, canke barenga bishwe, ejo ku musi wa gatatu, igihe abarwanyi batera ikibanza c’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.
Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wariyitiriye ico gitero, igihe umwihevyi yari afise bombe yayituritsa, hanze y’ibiro vy’ishami ry’ishirahamwe O-N-U rijejwe iterambere, PNUD.
Ivyabona, batangaje kw’ukurasana gukomeye kwabaye, hagati y’abarwanyi n’abapolisi, hafi y’ikibanza c’ishirahamwe O-N-U, inyuma yuko iyo bombe ituritse.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Abdikarim Hussein Guled, yarabwiye abamenyeshamakuru, ku bahasize agatwe n’abakomeretse.
Amakuru yegereye ishirahamwe PAM, yatangarijwe, Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, yamenyesheje kw’abanyamahanga bishwe, barimwo Umunya Kenya umwe, n’Abanya Afrika y’epfo batatu.