Uko wahagera

Abategetsi b’Ibihugu Umunani Bikomeye Kurusha Ibindi kw’Isi, Bateye Akamo Ko Hoba Ibiganiro Vyerekeye Syria, mu Buryo Bwihuta Bushoboka


Prezida wa Amerika, Barack Obama, Chancelier w'Ubudagi, Angela Merkel and na prezida w'Ubufransa, Francois Hollande
Prezida wa Amerika, Barack Obama, Chancelier w'Ubudagi, Angela Merkel and na prezida w'Ubufransa, Francois Hollande
Abategetsi bagize umurwi w’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi ,G8, basavye ibiganiro bigenewe guhagarika ingwano, mu gihugu ca Syria, yamara ntibasavye ukuva ku butegetsi kwa prezida wa Syria, Bashar al-Assad.

Abategetsi b’ibihugu umunani bikomeye kurusha ibindi kw’isi, mu vyerekeye ubutunzi, bararangije inama yabo, yamaze imisi ibiri, muri Irlande yo mu buraruko, mu kuvuga kw’ibiganiro vy’amahoro vyotegerezwa kuba, mu buryo bwihuta bushoboka.

Batangaje kw’ivyova muri ivyo biganiro, kwotegerezwa kuba ishirwaho rya Reta y’igihugu ca Syria iyobowe n’abayobozi bakuru bizigiwe n’abanyagihugu.

Abategetsi b’ibihugu vy’i Bulaya na Amerika, harimwo prezida wa Amerika, Barack Obama, basavye irangira ry’intwaro ya Assad.

Yamara prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, acuditse n’igihugu ca Syria, yaranse kubigira umugambi utomoye.
XS
SM
MD
LG